Select Page
#758
Rwanda

    NDAVUGA NKAVURA!
    ==================
    Umuvyeyi umwe yabwiwe n’Umuhungu wiwe ati: «Mama ndagukunda wallahi!» ? ?aca amusubiza ati: « ?Mwana nanje ndagukunda kibondo canje,!» ?Wa muhungu arasubira ati : «Maman , ubu naronse amahera, kandi menshi caaaane kuburyo nashaka umbwire ico nokuriha kubintu wankoreye vyoooose kuva mva munda yawe!» ? ?! Umuvyeyi nawe ? ?ati: «Sawa!!! Jewe ndagusavye tuzoje i #Makamba ndakwereke ikintu uzongurira yo!» ? ?Umuhungu nawe ati sawa ? ejo mugatondo inkoko niyo ngoma tuzogenda! ? ? ? ? ? ?

    Bukeye baranywa icayi bafata imodoka ya wa muhungu, batangura urugendo! Bugingo bagihaguruka bavuye mu rugo Umuvyeyi aca atangura gusesemwa kugeraho adahwa muri yamodoka ya wa Muhungu wiwe ? ?wamuhungu arashavura cane kubona Mama wiwe adahwa mu modoka yiwe, aramukankamira n’ishavu n’akantu ati: « ? ?Urabona ingene unyononeye imodoka?»

    ? ?Wa muvyeyi ati mbabarira mwana reka tubandanye urugendo. Bageze mu #Kanyosha wa muvyeyi ati hagarara gato nsubire nitegereze kuri rya buye rya Living Stone ndahaheruka kera ndaharabe kandi mwana! Wamuhungu atangura kuraba isaha aca arakankama ati amasaha aratujanye yo kuja i Makamba!

    Barasubira mu modoka baragenda, bageze mu #Gitaza arasubira aramubaza ati: «Aha bahakoreriki ga mwana? » Wamuhungu n’ibishavu aramwishura ngo aho ga mama ntubona ko ari mwisoko?

    ? ?Umuvyeyi arasubira abona igipine c’ipikipiki caheze kiri impande ya Pharmacie ati; «ntorera kirya gipine ndagikeneye!»
    ? ?Noneho aramuhatsa amukankamirira muri ryasoko ati:

    «Ico ukijana he ko atamodoka yanje kijamwo?Ati kandi ntusubire kungora kandi wancereje iyo tuja kandi urabizi ? ? ? ?»
    .
    Nuko, wamumuvyeyi yitegereza n’agahinda kenshi ingene umuhungu wiwe yababaye yiyibagije ivyo nawe yamukorera akiri uruhinja, aramubwira ngo amugumbire, maze arabwira ati:

    «Mwananje, sinashaka ivyo wongurira ngo undihe ivyo nagukoreye vyose, ahubwo nashaka kuraba ko wibuka no kukwibutsa uko wahora ungora unsaba aka nakariya ungora; ushaka ibere n’ ibindi kandi nguhetse ku mugongo wanje, ukanyonona nkihanagura, nkaguhanagura maze ngahora; nkama ngukunda; unyonga amapine yaheze, ukazana iyarara aho nakubuye nkihangana! ? ? ariko raba wewe bikubayeko amasaha abiri uhatswe kunyica kubera kutiyumvira! Ntaco ufise wompa atari ukunyubaha gusa no kwama wibaza ingene warumeze ukiri uruhinja!»
    .
    Uhakuye ikihe cirwa uko ungana kose n’icubahiro ntazi woba ufise?