Select Page
#531
Rwanda

    Umugambwe UPD ZIGAMIBANGA ubona ko ikiringo c’ukwitegurira amatora y’umwaka w’2020 kiriko kirarengana, uwo mugambwe ugasaba ko ibwirizwa shingiro ry’Uburundi ryohindurwa imbere y’uko uwu mwaka w’2017 uhera, kuko iryo bwirizwa shingiro riri mu bikoresho bikenerwa mu myiteguro y’amatora.

    Mw’itangazo uwo mugambwe wasohoye, risomwa na KASSIM Abdul aramutswa uwo mugambwe, basavye Reta y’Uburundi ko yoshiraho umurwi ujejwe kwihweza ivyohinduka muri iryo bwirizwa shingiro, kugira hazoshike mu mpera z’umwaka w’2017 Abarundi bamaze gutora ibwirizwa shingiro rishasha.

    KASIM Abdul, umukuru w’umugambwe UPD ZIGAMIBANGA

    Abarundi nabo basabwe kwitegurira kuzotora iryo bwirizwa shingiro, mu gihe bazorirungikirwa muri kamarampaka (Referendum).

    Mu vyohinduka muri iryo bwirizwa shingiro, umugambwe UPD ZIGAMIBANGA uvuga ko bidakwiye ko haba ibiringo ntarengwa mu burongozi bw’Uburundi, uwo mugambwe ugasaba ko mw’ibwirizwa shingiro rishasha hoshirwamwo ko uwatowe n’Abarundi yobandanya gutwara igihe cose abamwizeye bomwongera amajwi.

    Uwo mugambwe UPD ZIGAMIBANGA wasavye kandi umuhuza Benjamin William MKAPA ko yokwihutisha gusozera ibiganiro arongoye i Arusha, kugira ntihazogire uwuzovyitwaza, mu gutevya amatora yo mu mwaka w’2020.