Select Page

Forums Food for thought The Historical Events that Hurt Rwandans Feelings Reply To: The Historical Events that Hurt Rwandans Feelings

#652
Rwanda

    Jewe ndumuhutu ariko ndemeza ko umututsi atarumwanzi wanje kuko mubatutsi kuva kera hamyeho abatutsi b,amacakubiri n,intungane.


    Muti kuki?Mumwaka wa 1994 nari muto ariko narinciye ubwenge.
    Umusumwe ndi kuri parking kwibisi (bus)za NGAGARA harya muri ville niho nasamura umugabo w,umututsi aca ambwira ngo pfa wa boro we!(ico gihe umuhutu bamwita ngo ni iboro)Uwundi mugabo ahumuye w,umututsi nyene aca ankora kumutwe ati manyina kira kibondo!Aca arahindukira abwira uwo wundi ati ubwo ntasoni!Uyu mwana mupfiki?Umuzize uko IMANA yamuremye?Mukuvuka yarasavye IMANA ngo ndema ndi umuhutu!Uwovuga ko amabi n,agacinyizo vyakozwe kera vyakozwe n,abatutsi agafatira mukivunga rero yoba yibeshe kuko harimwo beshi b,intungane.
    Uko niko biri nubu ntihazogire uwujaniranya ngo avuge ngo abatutsi baranyanka canke umututsi ngo avuge ngo umuhutu aranyanka.
    Ubu hoho ni ibindi kuko ivyamoko biriko bigabanuka umututsi arica uwundi umuhutu akica uwundi.
    Uwuvuga ko hoba genocide wewe arihenda kuko nuwoyitegura yogwanywa n,amoko yose.