Select Page

Forums Activists from Burundi continue to demand for a better Country Burundi Today BURUNDI IVURUGU MUMUZIKI W'UBURUNDI

#467
Rwanda

    BURUNDI IVURUGU MUMUZIKI W'UBURUNDI

    Umuririmvyi azwi muguhugu c’uburundi PETER NIYO arabaza n’iryari umumenyeshamakuru RAPHAËL NYANDWI y’abaye umuvugizi wa AMICAL Des musiciens ?

    Ati DJ Rapha tumuzi nkumu menyeshamakuru ati biratangaje cank hari inyungu abizigamwo!!!!!

    Ivyo n’ibimwe vyashikirijwe na Peter Niyo umuririmvyi w’umurundi akaba y’agizati :

    PETER NIYO : Raphael nyandwi jew ndakuzi nkumumenyesha makuru wa radio télévision Salama !nagomba ndakubaz kuva ryali usigay urumuvugizi(porte parole) wa amical de musicien muburundi cnk umuvugizi wubushikirangaj bwimicokama ? KO post nayadreshej kuburongozi bwa amical akaba ari wew ufata iyamber kuvugir ubwoburongozi ! Nahonyene hari ikibazo si umuntu atari muburongozi bw amical yiyadukiz akishurira ubwoburongozi kandi ukishur nagashavu kenshi cnk harizindi nyungu mubizigamw zinyegej inyuma tutazi?

    n’imugihe Peter Niyo aheruka gushikiriza ubutumwa abasanzwe barongoye amical des musiciens ababwira gutya :

    PETER NIYO ABWIRA ABARONGOYE AMICAL : Nagomba mbaz ico abobantu bamariye umuziki wu Burundi ?umwe ngo ni président wa amical de musicien mu Burundi undi naw ngo numu conseill wiw !mbe kotubona abandi barongoz burukumwak utashe berekana ivyobaranguy mbe abobobo kobatiger batwerek ivyobaranguy ?akarorero son excellence umukuru wigihugu cacu yarerekany ivyoyaranguy yubak amashuli,ibitaro amabarabara,ama stade nama école de foot nubu niyindi migambi myiz myiz yiyemej nubu ikirangugwa !nn wacu wew wa amical de musicien abura iki ko atana école de music arubak ngo tuyibone mumyaka amaze adutwara ? Kotukibona indirimbo zabanyamahanga zikivuzw kuma radio yacu ukuli kwamy ibice 90% babona ntibagir icobavuga kd twebw izacu zitavuzw murivyo bihugu vyabo !ibiteramw vyabanyamahang bigategugw babona bakaz bakiyorera amaher yacu bagatwara atanikoli batanze babona bakagum banumy umuririvyi w umurundi akaguma abonek nkumumayibobo yarafise aho avugira !mbe murashishikay y uko abaririvyi Bose buburundi boherera mumahanga ?turasavye ubushikiranganji bwegukira inkino nimicokama KO yofata ikikibazo muminwe !naya marira yabararivyi buburundi ashikire nyenicubahiro umukuru wigihuku kuko abaririvyi turabakozi nkabandi bakorera igihugu nokukimenyekanisha biciy mu music..

    nyuma yaho umumenyeshamakuru wa télévision salama DJ Rapha y’aciye nawe yishura PETER NIYO N’AGASHAVU AHO y’agizatya mumajambo y’iwe .

    Dj Rapha y’ishurira abarungoye amical abwira umuririmvyi Peter Niyo :
    Ndabaramukije bakunzi bumuziki ndundi aho muva mukagera. Hamaze imisi itari mike aho abantu benshi bagiye barifatira mugahanga abarongoye ishirahamwe mpuzabaririmvyi mu Burundi ariryo Amicale des musiciens du Burundi na cane cane Bruno Simbavimbere benshi bazi kwizina rya Memba hamwe na Silas Damara ko aribo boba baboheye imugongo umuziki wuburundi. Kandundura ni post yumuririmvyi Niyo Peter yerekanye ko abo bantu ataco bamariye umuziki wuburundi ukamengo harumutahe wabaririmvyi bashizeh kugira iryoshirahamwe ribeho. Ico abaririmvyi ndetse nabakunzi bumuziki bomenya nuko Amicale des Musiciens sigisata ca Reta kandi ntamafaranga ava mubushikiranganji bwimicokama ironka kugira yinagure yongere itunganye nimigambi yihaye nkihangiro. Naho biruko Amicale des musiciens ibicishije kuwurirongoye uwo nyene abaririmvyi bama bandagaza imaze gufasha bimwe biboneka ibikorwa bitandukanye mu Baririmvyi mubihe bigoye no mubihe vyamahirwe ivyo vyose birakorwa naho ata nintererano nimwe itangwa nabaririmvyi kukwezi muntumbero yukunagura iryoshirahamwe bikerekana neza ko abakora ivyo bikorwa bakora ibikorwa biruta ibikorwa vyabihebeye Imana bakora kuko bobo bararonka namashikanwa hamwe nibigiracumi. Amicale des musiciens du Burundi naho ata frais de fonctionnement ifise imaze gufasha abaririmvyi batari bake bama bayituye mubihe bigoye canke vyumunezero utu nuturorero tumwe.
    1.Amicale des Musiciens yarafashije bimwe biboneka mugihe umuririmvyi
    Generencha Bidondo yari mubibazo twese tuzi aho yari mumvuto Ico gihe uwurongoye iryoshirahamwe yarakora ijoro numurango kugira uwo umuririmvyi aronke umwidegemvyo.
    2 gufasha abaririmvyi batari bake kuronswa ibibaranga (Passeport,Laisser-Passer,Carte D’identite)vyanditsweko
    # Artiste kuko abategetsi ba PAFE nibarongoye intwaro ntibategera ko mu Burundi hobaho umwuga wokuririmba benshi babafata nkabantu babanyatugenegene. Aho baba baronkejwe urukaratasi rwitwa A qui de droit ruvuye muri Amicale kugira baronswe ivyo vyangombwa twadondaguye.
    3. Amicale des musiciens niyo yafashije abaririmvyi nka Steven Sogo, Emelance Emy Niwizere mbabura,Shazi Cool,Alfred&Bernard hamwe na Natacha Burundi guserukira uburundi muri Sica ndetse baranaronka nudushimwe dutatu ushizemwo nakaronse umugenzi wacu
    Christian Nsavye.
    4. Yafashije bimwe biboneka mwitunganywa rya Festival Saga Musica ryabera kuri Saga Plage rigahuza isinzi ryabarundi bakunzi bumuziki aho benshi mubaririmvyi bubu batari bwarote gutangura kuririmba
    5. Yarafashije kandi bimwe biboneka muri compétition yitwa # TalentShow aho udushimwe dutandukanye twaratanzwe umurwi wa Wanajeshi ugatahukana ipikipiki nutundi tuganuke twarashoboye gutangwa
    6.Yarafashije mwitunganywa rya Fête de la musique muguteramisha abakunzi bumuziki mugisagara ca Bujumbura,Ngozi,Gitega nahandi aho bashoboye guteramisha isinzi ryabakunzi bumuziki nabaririmvyi bava muntara zitandukanye
    7. Sivyo gusa nivyinshi gusa ntitwobiheza ariko twovuga akarorero kanyuma kahafi aho yafashije bimwe biboneka mukigandaro ca nyakwigendera Bobo Peace wo mumurwi wa Peace&Love kugira ashobore kwumvisha abo munzego zigihugu gufasha bimwe biboneka kandi barabikoze.
    Egome ntanyambo igira agahonzi ariko turakwiye kuba tumenya ko iyo umuntu akoze arakwiriye guhabwa agateka kiwe kuko ntamuntu yogenda aravuga ngo Amicale ntaco imaze mugihe atanakimwe aranakorera iyo Amicale benshi ntibanazi naho itumbereye ariko nibo baza kwisonga mugutera akavuyo.
    Ahubwo nyabuna nobabwira ivyo mwama musaba Amicale mubisabe ubushikiranganji bubajejwe mububaze compte rendu uko umwaka utashe bwabakoreye iki kuko bararonka amahera buri mwaka kugira burangure imigambi tutibagiye iyoguteza imbere imicokama yacu. Ukuvuga menshi siko kuyamara ariko mumenye yuko akimuhana kaza imvura ihise. Abaririmvyi bose aho bava bakagera umwe wese kugatwe kiwe akore ibishoboka vyose yiteze imbere atarindiriye ngo naka niwe azonteza imbere nakare n’Imana ifasha uwifashije. Ndasize inzira amavuta nagahwane.

    PETER NIYO AKABA AHEJEJE KUBAZA KO UMUMENYESHA MAKURU DJ RAPHA KO ASIGAYE ARUMUVUGIZI WA AMICAL DES MUSICIENS CANK HARIHO IZINDI NYUNGU ABIFISEMWO ?

    ayo n’amwe mumakuru akomezwa kuvurwa mugihugu c’uburundi intandaro yavyose n’uko hariho abaririmvyi bakeneye agateka kabo bikava kubanyamahanga biraye mugihugu c’uburundi bagakundwa kurusha abasangwa bakamenyesha n’ubwo babitaho atamurundi azitwaho murivyo bihugu nkuko bobo babitaho .

    Ayanamwe muyandi dukomeza kubatororokaniriza hirya Nino .

    Gira ico uvuze

    Fyonda j’aime na partage tubandanye