Select Page

Forums Kigali Kigali city Jungle is bad for the environment Reply To: Kigali city Jungle is bad for the environment

#534
Rwanda

    Iyi si ni ishuri kandi yigisha uwubishaka n’uwutabishaka. Ibi ni bimwe muvyo yanyigishije:

    1. Uko wokwitwara kwose ntushobora kunezereza bose ck ngo ubashimishe gutyo ntuzonabigerageze!

    2. Ivyo umuntu yifuza akenshi sivyo abona ndetse n’ivyo akora sivyo akorerwa rero ntibikwiye kukuraza ishinga.

    3. Vyose ni busa! Ivyo wotunga vyose mu kanya nk’ako urume rumara vyoyoka ugasigara mu kangaratete,gutyo ntuzokwigire uwuhambaye

    4. Bimwe mu bibazo tugira mu buzima akenshi biraduhungabanya ariko iyo tuvyitwayemwo neza bitubera icirwa kizodufasha gutorera inyishu ibibazo vyinshi mu buzima bwa kazoza.

    5. Uwo woba uri we wese ntukiyemeze ngo urakomeye kuko ntawishobora. Ejo ushobora gusanga wakeneye umwe waza urasuzugura.

    6. Niwakunda umuntu ntagukunde ck akaguhemukira, ntibizoguteshe umutwe kuko hari n’aho ata co yari kuzokumarira!

    7. Mu migambi ikomeye uza urafata mu buzima, uze urafata ingingo wewe ubwawe ukurikire umutimanama wawe ni nawo uzi ivyo ukeneye n’uwo wifuza kuba!

    8. Niwabona incuti y’ukuri uzokore uko ushoboye ntumutakaze kuko burya yokurutira inzahabu!

    9. Ntugatinye gukora ikintu ngo ni uko kigoye kuko nta nyungu woronka utabize akuya. Nta n’intwari ibaho itararwana urugamba ngo irutsinde!

    10. Ikiruta vyose nize ni uko ata ruhombo rwo kugira neza n’ubwo akenshi bitugora, kandi nta n’inyungu yo guhemuka.Tuze turakora vyose uko twishakiye ariko Imana iba iriko iraturaba!